Ikirundi - Wikipedia
Jump to content
Kuva Wikipedia
(Bisubijwe kuva kuri
Kirundi
Batwa women in Uburundi
Flag of Uburundi
Ikirundi
ni
ururimi
ruvugwa n'abantu barenga imiriyoni icumi. Hamwe n'
igifaransa
ikirundi
ni ururimi rwemewe n'amategeko kandi rukoreshwa mu gihugu c'
Uburundi
. Ururimi rw'ikirundi turusanga ruvugwa mumpande zose z'igihugu c'uburundi. Ikirundi gishaka gusa n’
ikinyarwanda
(mumvugo no munyandiko), ururimi rw’Abanyarwanda, kigashaka gusa kandi n’
igiha
be n'igihangaza, indimi zivugwa muri
Tanzaniya
cane cane kumbibe ivyo bihugu bihana. Ikirundi nirwo rurimi kama ruvugwa mu Burundi, rukavugwa mumpande zose z'igihugu c'Uburundi (mumitumba hamwe no mubisagara).
Ikirundi ni ururimi ruri mu ndimi zo muri
afrika
bantu
. Rwubatswe n'amajambo kama be n'amajambo yatiwe muzindi ndimi zibanyi nk'igiswahiri be no mu ndimi z'abakoroni (igifaransa n'ikidagi) rukagengwa n'amategeko y'indimburo. Inyandiko y'ikirundi ikoresha indome ndatini, ni ukuvuga indome z'
ikiratini
. Cokimwe n'izindi ndimi, kumenya kuvuga ikirundi, kucandika, kugitahura be n'indimburo vy'ikirundi bisaba kuvyiga.
FLII Uburundi
Inyandiko y’Ikirundi: Ingorane nkurunkuru
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Inama nkarishabwenge igira gatatu y'abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi muri Kaminuza y’
Uburundi
hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.).
Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ngizi ingingo zapfunditswe n’iyo nama nkarishabwenge:
AMAJWI AVUGA
a, e, i, o, u.
AMAJWI Y’INDAGI
b, c, d, f, pf, g, h, j, k, m, n, ny, , ng, p, r, s, sh, t, ts, v, w, y, z.
INGORANE ZIFATIYE KU KWITIRANYA AMAJWI Y’INDAGI
INGORANE
UTURORERO
IRYAPFUNDITSWE
INSIGURO CANKE IMVO
1. l/r
A. umuliro/umuriro
lero/rero
A. umuriro
rero
Mu kirundi iryo jwi ryegereye r gusumba l
B. Polo/Poro
Repubulika/Repuburika
Amadolari/Amadorari
B. Poro
Repuburika
Amadorari
B. Amajambo matirano afatwa nk’ay’ikirundi, kuko aheza akigana inyubako n’imvugo y’ururimi rutira. Ni hamwe n’uburyo amajwi aheza agakurikirana.
Uturorero:
Umukirisu
: ntibavuga umukristu.
Ikawa yitwa robisita
: ntibavuga robista.
Intara ya Afirika
: ntibavuga Afrika.
2. s/sh
urusato/urushato
amasaka/amashaka
isaka/ishaka
igisaka/igishaka
igishakashaka/igisakasaka
urusato
amasaka/amashaka
isaka/ashaka
igisaka
igishakashaka
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi.
3. s/ns
umusi/umunsi
imisi/iminsi
isomerwa/insomerwa
umusi
imisi
isomerwa
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi
4. f/pf
umupfakazi/umufakazi
gupfupfahaza/gufufahaza
umupfumu/umufumu
kwipfuza/kwipfuza
umupfa/umufa
ipfu/ifu
gupfutera/gufutera
umupfakazi
gupfupfahaza
umupfumu
kwipfuza
umufa
ifu
gufutera
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
Kumenyesha urwaruka ikirudi c’itsitso.
5. rw/gw
kurwara/kugwara
indwara/ingwara
kurwana/kugwana
indwano/ingwano
urwarwa/ugwagwa
urwiri/ugwiri
kurwa/kugwa
kurwabira/kugwabira
umurwi/umugwi
kurwana
indwara
kurwana
indwano
urwarwa
urwiri
kugwa
kugwabira
umugwi
Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi
6. bw/bg
kubwira/kubgira
imbwa/imbga
kubwira
imbwa
Mu vy’ukuri si bw kandi si bg. Ariko abanditsi benshi bamenyereye bw.
7. rty/ty
irtyazo/ityazo
gurtyo/gutyo
ndtya/ntya
ityazo
gutyo
ntya
Mu mvugo bamwe bakoresha rty, ndty, abandi ty, nty. Ariko ibigereranye ni ty, nty.
8. k/kw
kwurira/kurira
kwongera/kongera
kwubaka/kubaka
noheza nkurira/noheza nkwurira
nkongera/nkwongera
nkubaka/nkwubaka
nkicara/nkwicara
nka kurya kw’urubeya/k’urubeya
akana k’ubwenge/kw’ubwenge
kwurira
kwongera
kwubaka
nkurira
nkongera
nkubaka
nkicara
kw’urubeya
akana k’ubwenge
Itsitso ni -
urir
-,
onger
-,
ubak
-.
ku
- na yo ni inyitangizo y’umuvugire wa kigenze. Ijwi
ryo kuri
ku
- ricika incamwanya
kuko rikurikiwe n’irindi jwi rivuga mw’ijambo rimwe.
Ibihimba ni:
/n-ka-urir-a/
/n-ka-onger-a/
/n-ka-ubak-a/
/n-ka-icar-a/
Mw’ijambo ijwi a rikurikiwe n’ayandi avuga atangura itsitso bararisimba:
/n-k(a)-urir-a/
/n-k(a)-onger-a/
/n-k(a)-ubak-a/
/n-k(a)-icar-a/
Muramenye: amajwi
na
arakunda kurondana akavyara
. Uturorero:
amenyo =
/a-ma-inyo/
benshi = /ba-inshi/
kwa =
/ku-a/
kwa
ni indongorazina, mugabo mu majambo abiri amajwi avuga akurikiranye, irya mbere bararisimba.
ka
= insanisha.
9. ny/nny
yaganye inzoga/
yagannye inzoga
twarakanye ingoma/
twarakannye ingoma
umuryango warahonye/
umuryango warahonnye
yaganye
twarakanye
warahonye
Urwaruka rusigaye ruvuga
ny
10. k/g
ikiti/igiti
ikikere/igikere
nya gikoko kica
kipfira hano/
nya gikoko gica
gipfira hano.
igikere na co kiti/
igikere na co giti
igitabu kitubwira/
gitubwira
igiti
igikere
nya gikoko gica
gipfira hano.
kiti
kitubwira
Amajwi agumye
y'inyitangizo
arahinduka akoroha
iyo itsitso
ry'ijambo
ritangurwa
n'irigumye
Kwandika ukurikije
imvugo y'Abarundi
kitubwira =
/ki-tu-bwir-a/
ki-
= iny.
-tu-
= ind.
-bwir-
= its.
-a
= agas.
Inyitangizo
n'itsitso
ntibikurikirana.
11. n/ny
iryungane/iryunganye
iryungane
ni ryo rimenyerewe
12. n/nm
nmaze/maze
yanmenye/yamenye
maze
yamenye
Ni yo nyandiko ibangukiye abantu batari abahinga.
INGORANE ZIFATIYE K’UGUTANDUKANYA AMAJAMBO MU RYUNGANE
UTURORERO TW'INGORANE
IRYAPFUNDITSWE
INSIGURO CANKE IMVO
1. Ivyo ari vyo vyose/
Ivy'ari vyo vyose
Ivyo ari vyo vyose
Mu ryungane amajambo yose arandikwa.
Muramenye: iyo ako kajambo
ivyo
ari ins. nsanisha, ijwi
risubirirwa n'agakwabu ko hejuru imbere y'ijwi rivuga.
Uturorero:
Ivy
'aha vyama mu nzira.
Ivy
'abakuru birubahwa.
No ku zindi nsigarirazina nsanisha ni hamwe:
Ak
'imuhana kaza imvura ihise.
Iz
'umutware ziratashe.
Ab
'ino ni ko bameze.
2. Yohani yari iguye/
Yohani yari aguye
Yohani yari aguye
Umugwi wa mbere w'amazina ufise inyitangizo rukozi a-. Abavuga
yari iguye
barahuba kuko basimba ijwi rya kabiri aho gusimba irya mbere.
3.
Yohani na Petero bajanye/vyajanye
Yohani na ya nyabu bajanye/vyajanye
Yohani na ya ntebe baguye/vyaguye
bajanye
vyajanye
vyajanye
Inyitangizo rukozi y’umugwi wa kabiri w’amazina ni
ba-
, igihe ata gikoko canke ikintu kirimwo. Muri ico gihe ica iba
bi-
4.
Amazina y'urunani y'urusangi
Amazina y'ubucuti
Izina ry'urunani rigizwe n'amazina abiri
Amazina abiri afatanijwe n'insanisha
Amazina agizwe n'amavuga abiri
Amazina y'urunani agizwe n'ayandi majambo adasangiye ubwoko
Amazina yunzwe n'agace
nya
canke
ene
Amazina y'urunani y'uruharo
Amazina arimwo insanisha
Amazina atarimwo insanisha
Izina riherekejwe n'utundi tujambo turirangura
serugo, inarugo, sokuru, nyokuru, marume, sowanyu, mwenewanyu, datawacu, karumunake, ...
inka – muntu
umwana - mugabo
inka y'irembo
inkono y'itabi
somambike
igisoromandandura
ikibonamaso
amayirabiri
umunyabwoba
Umwenengwe
akenese
Maguru ya nyarwari
Rukundo rwa Ntare
Rutegeramisi
Kibikizozejo
Ndayamutaye
Rufuku rwafukuye
Uburundi
Kivumu kitari
ikivumuvumu
Amazina y'ubucuti yandikwa mw'ijambo rimwe
ayo mazina atandukanywa n'agakwego
Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
Iryo zina riraheza rikandikwa ukwaryo, ayandi majambo na yo akandikwa ibisanzwe.
5.
nyene
Nyene + izina
Nyene + irivuga
nyene + ins.
nyene
mwene + izina ry'urusangi
mwene + izina ry'uruharo
nyenigihugu
nyeningoma
nyenurugo
nyeninzu
nyenicubahiro
nyene kurima
nyene vyo
nyene ho
mwene senge
mwene nyinabo
mwene Nteturuye
Vyandikwa mw'ijambo rimwe.
Vyandikwa mu majambo abiri.
Vyandikwa mu majambo abiri.
6. amazi yo gukaraba/
Amazi y'ugukaraba
Umwete wo kwiga/
Umwete w'ukwiga
Vyose birashoboka.
Mw'isomerwa umunyeshure
azokwandika ico yumvise.
Abarundi babivuga vyose.
7.
Mu kubikora/
mukubikora
Mu kunebwa/
mukunebwa
Yuriye ku nzu/
kunzu
Yinjiye mu nzu/
munzu
Ku shami/kw'ishami
ku nzu/kw'inzu
mu kubikora
mu kunebwa
Yuriye
ku nzu
Yinjiye
mu nzu
kw'ishami
ku nzu
ku
na
mu
ni utujambo twisangije ubwoko, tudakwiye gufatana n'ijambo turongoye.
8. mu ko/muko
ndabikora ubanza
kumpera
mu ko
Iyi sahwanya igizwe na zibiri
mu
ko
Ni hamwe na:
mu kubikora
ko ndabikora
9.
I muhira/imuhira
I ruhande/iruhande
I mbere/imbere
Inyuma/inyuma
I Bujumbura/Ibujumbura
Ha ruguru/haruguru
Ha mbavu/hambavu
Ha mbere/hambere
Ha nyuma/hanyuma
Iwanje/iwa nje
Ukwiwe/Ukw'iwe
ha + irivuga
I muhira
Iruhande
Imbere
Inyuma
I Bujumbura
haruguru
hambavu
hambere
hanyuma
iwanje
ukwiwe
ha gupfa
wozanzama
ha kurya wonywa
Indongorazina
, na
ha
zirongoye izina, vyandikwa
mw'ijambo rimwe, kiretse
iyo zirongoye izina
ry'uruharo, no mw'ijambo
i muhira
. Muri iryo jambo
hari aho batanavuga iyo
ndongorazina. Ahandi hose
izo ndongorazina zihindura
amazina mu ntumbuzi
D. Indongorazina iri muri satunga birafatana.
E.
ha
= hako.
Ni sahwanya.
10.
Aho haragutse
nayo/na yo hano haraga
Naho/na ho
niwagaruka
Nako/na ko
umengo araje
Noneho/none ho
araje
nayo
naho
nako
noneho
Ayo majambo yose ni za sahwanya. Uduce
ho
ko
yo
, nta co dusigura.
11.
N'aho/naho
wogaruka sinoguha
N'iyo/niyo woza
sinokubona
n'aho
n'iyo
Ngaha sahwanya zigizwe na zindi zibiri:
n'aho
na
aho
n'iyo
na
iyo
12. Uwu mwaka na ho/naho
nyene tuzokwimbura
na ho
na
= sahwanya
ho
= ins. muv. ngufi.
13. Imisi y'indwi
ku wa mbere
uwa mbere
uwa nyuma
Akajambo kerekana igiharuro
mbere
kaja ukwako, akerekana
umurongo
wa
uwa
gutyo
, indongorazina
ku
gutyo nyene.
14. Ins. muv. ngufi +
uduce
ho
ye
he
Jeho, tweho, weho,
yemwe, yewe, ewe,
emwe, hemwe, hewe
Utwo duce nta bwoko twisangije,
twunga ins. muv.
15. Ins. muv. ngufi +
nyene
jenyene =
nta we turi kumwe
je nyene =
jewe nyene
bonyene =
nta we bari kumwe
bo nyene =
bobo nyene
Ins. muv. ngufi zirongora agace
nyene
birafatana,
kiretse zikoreshejwe mu kibanza c'ins. muvugwa ndende.
16.
ngo ego/ngw'ego
ngo uyu muntu/
ngw'uyu muntu aze
kugira ngo aze/
kugira ngw'aze
uko aje/ukw'aje
ko ushitse/
kw'ushitse
ngo ego
ngo uyu muntu aze
kugira ngo aze
uko aje
ko ushitse
Ijwi
rihereza sahwanya zimwezimwe
ngo, kugira ngo, ko, uko, yuko
rikurikiwe n'ijwi rivuga ritangura irindi jambo, n'aho ritavugwa rirandikwa.
17.
Ni umuntu/n'umuntu
Si umuntu/s'umuntu
Abenshi ni ko bavuga/
Abenshi niko bavuga
Abenshi si ko bavuga/
Abenshi siko bavuga
Ego ni ko/ego niko
Oya si ko/oya siko
Avuga ko/avugako
Bakame rero ni ko/
niko kwibaza ruti
Ni uko/nuko batevye mba ngiye
Nuko/ni uko
mukunzi muhire
Ni uko/nuko rero
Bakame rukagenda
Ego ni uko/nuko
Oya si uko/suko
Ivyo ni vyo/nivyo
mvuga
Ivyo si vyo/sivyo
mvuga
Iyo ni yo/niyo
mvo
Iyo si yo/siyo
mvo
Ni umuntu
Si umuntu
Abenshi ni ko
bavuga
Abenshi si ko
bavuga
ego ni ko
oya si ko
avuga ko
ni ko
Ni uko batevye
ni uko mukunzi
muhire
ni uko rero
Bakame rukagenda
Ego ni uko
Oya si uko
Ivyo ni vyo
mvuga
Ivyo si vyo
mvuga
Iyo ni yo mvo
Inshozi
ni
na
si
ni utujambo turi
ukwatwo, kamwe kakaba inyemezi
akandi impakanyi.
Utwo tujambo dutegerezwa kuguma ukwatwo kuko dushobora gusubirira amavuga mu mungane atagira amavuga.
Intumbuzi y'ukwemera
ko
ikurikiye irivuga canke inshozi biratandukana.
18. Ni mwinjire/
nimwinjire
Nti mwinjire/
ntimwinjire
Si ndabishaka/
sindabishaka
Nimwinjire
ntimwinjire
sindabishaka
Igihe utujambo
ni
na
si
ari
imenyetso nyemezi canke mpakanyi
z'irivuga, duca dufatana n'iryo rivuga.
19. Ng'uyu/nguyu
ng'abariya/ngabariya
Ng'uyu
ng'abariya
Inshozi
ng
iguma ukwayo kuko n'aho
yama ifatanye n'ins. rugena, yisangije ubwoko.
20. Ata cigeze/atacigeze
Nta cigeze/ntacigeze
Nta wurya/ntawurya
akatamugoye
ata cigeze
nta cigeze
nta wurya
akatamugoye
Utugetugetu tw'uguhakana
nta
na
ata
tuja
ukwatwo kuko ari amajambo yisangije ubwoko
21. Kugira ngo/kugirango
Kugira ngo
Iyo sahwanya igizwe na zindi zibiri:
kugira
na
ngo
22.
Nkûkó/nk'ûkó
Nkǔko/nk'ǔko
nk'ûkó
nk'ǔko
Iyi sahwanya igizwe na zindi zibiri:
nka
na
uko
Aya majambo ni abiri, rimwe ni sahwanya,
irindi ni ins. rugena yubakiwe ku ndongorazina.
23. Avuze yuko/y'uko
ataza
yuko
Sahwanya ni
yuko
kuko
ntiyoba insanisha.
24. Ins. rugena +
ri
Uwo ari
we wese
Ico ari
co cose
Ijwi
rihereza ins. rugena irongoye irivuga
-ri
rirandikwa.
25. Nzoza ejo/
Nzozejo
Nzoza ejo
Irivuga ritegerezwa kwirebanga.
26.
Ejo bundi/ejobundi
Hirya y'ejo/hiryayejo
ejobundi
hirya y'ejo
Iyo ntumbuzi yandikwa mw'ijambo rimwe
Iyo ntumbuzi igizwe n'amajambo abiri
afatanijwe n'insanisha.
27. Igitabu
ciwanje/c'iwanje
ciwanje =
canje
c'îwânjé = c'i muhira
Bivana n'ico bashaka kuvuga:
canje = /ki-a-nje/
ciwanje = /i-a-iwa-nje/
c'îwânjé = /ki-a-i-iwa-nje/
28.
Na
nka
+ Ins. Muv. ngufi
nanje, nkanje,
na je, nka je,
na bo, nka bo,
na vyo, nka vyo,
na co, nka co
Insigarirazina muvugwa ngufizikurikiye
sahwanya
na
na
nka
biratandukana, kiretse
kuri
nanje
na
nkanje
kubera ko iyo
nje
itabaho yonyene.
29. Irivuga +
+ sahwanya
ko
Sinzi ko nzoza
ejo.
bavuga ko babizi
Iyi sahwanya
ko
bayandika ukwayo,
ishobora gusubirira
yuko
30. Na ko/nako
nkako/nka ko
nako
nkako
Vyandikwa mw'ijambo rimwe kuko
ko
nta
bwoko kisangije.
Nako umengo araje.
Kukaba nkako
31.
Irivuga + intumbuzi y'ikibanza
ko
ho
yo
mwo
Irivuga + ins. muv. ngufi
ko
ho
yo
shirako,
shirayo,
shiramwo,
shiraho,
hariyo,
hariho,
harimwo,
hariko,
mfisemwo,
mfiseho,
mfiseko,
mfiseyo.
Bihereze Imana
Bihereze
yo
Shira ka kayabu
kandi urabe yuko
wahaye
ko
Ubwo badodoye
ho
Izi ntumbuzi uko ari zine:
ko, ho, yo, mwo
zikurikiye irivuga zitegerezwa gufatana na ryo.
Igihe utujambo
ko, ho, yo,
ari
ins. muv. ngufi, twandikwa ukwatwo.
32. Irivuga mperekeze
ri
ko
Uriko urarima
twariko turiga
Irivuga
ri
iyo ari mperekeze, rirafatana n'agace
ko
33. Amajambo yisubiriza
canecane
bukebuke
buhorobuhoro
Ayo majambo yandikwa mw'ijambo rimwe.
UTUMENYETSO TWO KURUHUKA
Twagumije utwari tuhasanzwe kuva na kera:
INOMERO
IZINA
INYANDIKO
1.
akaburungu
2.
agakwabu
3.
utuburungu tubiri duhagaze
4.
kaburungu kuri gakwabu
5.
twa mugina
» canke " "
6.
kabaza
7.
gatangazi
8.
agakwego
9.
utuzitizo
()
10.
ngezaho
...
Muramenye
Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.
Uturorero:
inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke
Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo.
IKORESHWA RY'URUDOME RUKURU
Urudome rukuru rukoreshwa mu gutangura iryungane, inyuma y'akaburungu, ya kabaza na gatangazi no hagati ya twa mugina.
Rukoreshwa kandi mu gutangura izina ry'uruharo.
Ingorane zimwezimwe:
Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
Amazina y'indimi tuyafata nk'amazina y'urusangi, ni co gituma atangurwa n'urudome rutoyi.
Abarundi, Abanyarwanda, Ababirigi, Abanyamerika.
Izina ry'abanyagihugu rifatwa nk'iry'uruharo igihe bafatiye hamwe bose ata kubaharura.
Uturorero:
Abarundi benshi barize, Ababirigi bamwebamwe bavuga igifaransa.
Twari kumwe n'umurundi umwe, abanyarwanda babiri hamwe n'abanyamerika icumi na bane.
Ngaha harimwo uguharura, ni co gituma izina ry'abanyagihugu rica rifatwa nk'iry'urusangi.
Igihugu c'Uburundi, ca Kongo. Intara ya Afirika, y'Uburaya.
Amazina y'ibihugu n'ay'intara ni amazina y'uruharo.
Abanyakarama, Abatare, Abavubikiro.
Amazina y'umuryango afatwa nk'ay'uruharo.
Uturorero:
Abavubikiro nka bose barahonye, Abanyakarama benshi bari abatware.
Twajanye n'umunyakarama umwe, abatare babiri n'abavubikiro icumi na bane.
Ayo mazina aca afatwa nk'ay'urusangi kuko harimwo uguharura.
Muramenye ko muri Afirika y'epfo hari amacakubiri y'abera n'abirabure.
Amazina yerekana ubwoko bw'abantu afatiye ku rukoba afatwa nk'ay'urusangi.
UTWATUZO
Turavye ibitabu vy'ikirundi biri mu mashure yisumbuye, dusanga ibikurubikuru ari ivya Patiri NTAHOKAJA. Mu mashure menshi bakoresha utwatuzo turi muri ivyo bitabu. Na two ni utu:
agakwego hejuru y'amajwi arandira:
sēsa, shīma, rāmba.
akarasago ku majwi ameze nk'ayaduga bwampi:
ishámi, umutwé.
agatemere kubitse ku majwi ahinze amanuka:
umuvyêyi, ibêre, irêmbo, umubânyi.
agatemere kagaramye ku majwi ahinze aduga:
icěse, umutǔmba, umwǎmi, umwǎnya.
utuburungu tubiri turambitse ku majwi aduga y'urunani:
böse, twëse.
Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.
Indīmbūro
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Ibihĭmba vy'îmvúgo
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Amajāmbo ahīndúka
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Irivúga
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Irivúga ni ijāmbo ryērékana kamére, umugămbi cânké igikórwa.
Ingéreká
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Ingéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, máze ayo majāmbo abiri agasāngira inyîtāngizo. Ingéreká ziri ubwôko buné:
1.Ingéreká ndôndōzi irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana akarānga kâryo. akarorero:inkoni ndende.ndende ni ingereka ndondozi
2.Ingéreká kabazá irāngūra izína igerétswekó mu kurirōnderera insígūro itōmôye bícīye mu kubáza. Akarorero: Amavuta maki?.maki ingereka kabaza.
3.Ingéreká ntāntígiri irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana ukó ibīntu bīngána aríko itádomyé urutoke ku gitígiri.Akarorero:Yazanye amavuta menshi.menshi ni ingereka ntantigiri.
4.Ingéreká rutānyá irāngūra izína igerétswekó mu kuvângūra icó iryo zína ryērékana n’íbïndi.
Ra. Ne.:
1.Ingéreká ikuríkiye inshōzi, irivúga, insígarirazína cânké akăndi kajāmbo kadahīndúka, iguma arí ingéreká igihe bibonéka yûkó igerétswe kw’īzína. Akarorero: Uyu mugabo ni munini(munini ni ingereka)
2.Ingéreká irashóbora kuvámwó ingereka-nsígarirazína, ingéreká-zína canké irivúga mvângéreká
Insígarirazína-ngéreká n'însígarirazína
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Insígarirazína-ngéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, aríko ayo majāmbo abiri ntăsāngire inyîntāngizo. Iyó insígarirazína-ngéreká isigáriye izína igerétswekó ica icîka insígarirazína.
1.Insígarirazína muvugwá: ni ijāmbo risigárira uwuvúga, uwubárirwa, cânké ikivúgwa.
a.Izĭrebānga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína, ndēnde cânké ngúfi.
b.Izifátanye n’írivúga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína.
Ra. Ne.: Ntā nsígarirazína-ngéreká muvugwá ibáhó.
2.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rugená: ni ijāmbo rigenékereza izína rigerétswekó.
3.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína nsānîsha: ni ijāmbo ryērékana isâno rirí hagáti y’íbīntu bibiri, icó rigerétswekó hamwé n’íkïndi.
4.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína satūngá: ni ijāmbo ryērékana nyené ibīntu n’îsâno afitániye n’íbīntu vyîwé.
5.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra: ni ijāmbo ryērékana ukó ibīntu bīngána ríbicīshije ku gitígiri cânké ku guhárūra.
6.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra gatōndēsha murōngo: ní ijāmbo ryērékana ikibănza ikīntu giheréreyemwó mu rutŏnde rufatíye ku guhárūra.
7.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína kabazá: ni ijāmbo ryērékana ibīntu ivyó arí vyó, ahó bibarízwa canké ukó bīngána ríbicíshije mu kubáza.
8.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína ntatānyá: mu rudênde, ni ijāmbo ryerékana ikīntu kitagabánije cânké kirí mu murōngo w’íbïndi; mu bwĭnshi, ni ijāmbo rikorániriza mu mugwi umwé ibīntu rirāngûra.
9.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rutānyá: ni ijāmbo rifatira ibīntu bimwé ukwāvyó ibĭndi ukwāvyó.
Amajāmbo adahīnduka
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Inshōzi
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Inshōzi ní ijāmbo rimezé nk’írivúga aríko ridashobóra guhâdikirizwa.
Indôngōrazína
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Indôngōrazína ní ijāmbo ryāmá rírōngōye izína kăndi rikērekana ikibănza.
Sahwānyá
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Sahwānyá ní ijāmbo rihwānyá amajāmbo asāngíye ubwôko cânké ingīngo zibiri mu ryŭngāne. Ziri ubwôko butatu:
1.Sahwānyá isāngânya: ihwānyá amajāmbo cânké ingīngo zisāngíye ubwôko cânké zifitániye isâno ryā kárāngûra.
2.Sahwānyá ihitîshamwó: yērekana yûkó bahitámwó ikīntu kimwé murí bibiri.
3.Sahwānyá y’ámadĭdāne: yērekana yûkó bakēkéreza, atā nyíshu itōmôye bashobóra gutânga.
Intūmbūzi
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Intūmbūzi ní ijāmbo ritūmbûra icîyumvīro c’írivúga, c’îngéreká, c’însígarirazína cânké c’íyïndi ntūmbūzi. Ziri ubwôko indwi:
1. Intūmbūzi y’íkibănza
2.Intūmbūzi y’ígihe
3.Intūmbūzi y’úkugéne
4.Intūmbūzi y’úkūnganya cânké y’încúro
5.Intūmbūzi y’úkubáza
6.Intūmbūzi y’úkwëmera
7.Intūmbūzi y’úguhakana
Inkébuzo
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Inkébuzo ní ijāmbo rikorêshwa mu gukébura uwó mugānira.
Gatăngāzi
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Gatăngāzi ní ijāmbo umūntu avugá kugíra ngo aserúre akamúbakiye ku mutíma, arí ukunêzērwa, ugushīma cânké ukugaya.
Gakŭmbānya
hinyanyura inyandiko
hinyanyura inkomoko
Gakŭmbānya ní ijāmbo ryīgâna ukó ibīntu bigēndá aríko mū mvúgo ipfunyápfunye kăndi y’ínshushānyo, ukamēngo uravyîbónera cânké uravyîyúmvira.
Subira uvuke kuri "
Ikirundi
Add topic